Canalblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
Publicité
Soma-canke-wandike
Archives
Publicité
Derniers commentaires
20 décembre 2023

Bilan de mon mariage

Mumbabarire ngireko ngira bilan, kuko irandemereye gose ! Ni nayivuga, je sens ko nza kworoherwa. Bilan rero, ntarinze ndaca hirya n’ino, nk’uko babivuga mu gifaransa, sans trop tourner autour du pot, bilan ya mariage ndimwo haciye hafi imyaka icenda ni : +20 kgs.

Basha, ego kabisa. Ni nk’uko ngenda nikoreye umufuko w’ibiharage wa 20 kgs. Murumva ko ndemerewe. Muti vyagenze gute ? Iyo bilan ndayisigura gute ?

Mbanje kubabwira ko nimba nasubiriye kwandika kuri blog ya soma canke wandike, si uko norohewe mu buzima bwa minsi yose. Abari hano boca bibaza ngo ubu nakujije, umwanya nasubiriye kuwuronka.Umwanya « wo guta », nk’uko bamwe bamwe bawita. Krum krum ! Ce n’est pas très faux, kandi ndabishimira Imana. Ariko ndababwije ukuri, ngarutse ngo dusubire gufashanya ubuzima. Kabisa ! Natanguye iyi blog niga muri kaminuza ya Lille 1, ndi mu cumba c’abanyeshure ca 9 mètres carrés, ivyiyumviro ku buzima bindembeje ku buryo nabona ko bitokwira muri chambre. Nca nza ndandika kugira dufashanye, et ça a marché ! Narabusunitse birakunda ! Ubu rero ndagarutse tubandanye. Hahahaha ! J’espère ko muzonyakira i wanyu, ko muzombera abantu ba bien nk’uko vyari mbere siko ? Nanje ndabemereye kuzobabwira vyoseee. Nzohera ku biri récents, buke buke nzoza ndibuka n’ibindi (ndi muri thérapie mu majambo avunaguye hahahahahhahahahhahahaha !). Ahwiiii.

 

Les gens, soyons un peu sérieux… Nahavuye nubakana n’umuntu abanzi bazi. Nsubiye inyuma gato (nababwiye ko nzoza ndasubira inyuma mémoire inkundiye), ndibuka dans ma chambre d’étudiante, nisonzesha pendant nka 20 jours ou plus ndiko ndasaba Imana izompe umufasha, izompe n’ibibondo. Nasaba kuzogira urugo rwiza. Harya mu misa bavuga ngo kukaba nkako ? Ndi bwubake n’umuntu nipfuriza abandi, turi burwire. Twatanguye turi babiri n’imiryango tuvamwo. Eh kuko niyo yadushigikiye, n’ubu ikiriko ! Ndayishimiye rwose cane. Murakaramba, tuze turambane ! None ubu turi batanu.

 

Ivyo biro rero, vyatewe n’uko mu kwubaka, nasanga niburira umwanya. Kuko société ifise ama codes aremereye. Urumva nara conjugua le quotidien dans le passé et le futur, nkibagira le présent. Guharanira gushinga fondation solide sur tous les plans. Ugasanga des fois fondation ndiko ndayishiramwo ibikoresho bitera allérgie uwo turiko turubakana. Ugaca usanga turayisenye, kandi nta wugifise motivation yo kuyisubiramwo. Tukaruhuka gato, tukaja kwironderamwo ibikoresho vyodukundira twese…. Tugasubiramwo, bref. Bantu b’Imana, mvuge ndeke ? Reka nze ndabigarukeko, mu migani toujours.

Ibibondo nahavuye ntahura ko kugire bigire inzira, nobishushanya nk’amashirahamwe. A chaque fois nibungenze, ni nka société iba igire ivuke. Ibaze rero chef d’entreprise de 3 grandes sociétés en 6 ans. N’uwo twubakanye ni uko nawe ni chef d’entreprise, mayina sindamuvugire ashobora kuba we afise ukundi yabishushanije muri we . Ariko je ndamufata nka actionnaire muri izo sociétes, turi babiri dufise 50 -50 des parts. Gushika zikwize 18 ans, aho tuzoca tuziha zi gérer à 100%. Zikunze zizodushira muri conseil d’administration z’ubuzima bwazo bukurikira. Chose qui nous honorera (ndivugira). Ariko tuzohanura gusa, zizokwifatira ingingo (ndivugira). Bref…

 

Nariko ndavuga rero ko kuba chef d’entreprise de 3 grandes sociétés en 6 ans… Il doit y avoir du boulot ! Ndabishimira Imana cane, kuko j’ai toujours été ambitieuse. Challenges ndafise, ni rya nawe ! Kandi je suis passionnée, donc ça devrait aller, par la Grâce de Dieu.

Ariko nimba hari umu chef d’entreprises ariko arasoma, aratahura ko kugira entreprise ikure, ntihombe au début il y a des nuits blanches, kwiheba ukayihebera. N’uko vyagenze sha… Nizera ko buke buke, nzotangura ku dégagea du temps pour moi. Vyanatanguye, ni uku nyene. Le temps et l’énergie mentale surtout. Kandi ndashimira Imana ko ntanguye « guhema ».

Uwombaza ngo kuki wuguruye nyinshi icarimwe ? Hahahaha. Ni objectif twari dufise, tukiciga ko je n’umufasha wanje twobana. Imana nayo ica ibikora muri timing yayo, kuko hari code de création d’entreprises tutari bwanonosore.

Inkuru nziza ngira ndangirizeko ni uko ubu, nsigaye ndonka umwanya wo kugira marche, uku kwezi naronse n’ayo kuja muri salle de sport. Naratanguye. Ndizera ko Imana izoguma icanye, abana bagume baba autonomes et stables nshobore kwumva ko nobasiga nkaja kwifata neza, umutima udasimba. Mwombanza ngo nta bakozi ukoresha ? Munkundire nze nishure ubutaha.

 

Mukomere, mwebwe n’abanyu !

 

RM

Publicité
Publicité
Commentaires
Publicité