Canalblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
Publicité
Soma-canke-wandike
Archives
Publicité
Derniers commentaires
14 janvier 2024

Abakozi bo mu nzu, dupfa iki ?

Je ntaco dupfa n’abakozi bo mu nzu. Nta n’ico tuzokwigera dupfa, ni bakomere ku murimo wabo, bari n’ikimazi gikomeye !

Mbega murazi ko nagakoze ? Naragakoze kweli, nkiri umunyeshule.  Kandi vyaheze banyirukanye… None mushaka nze ndababesha ko i wanje tout va et a toujours été bien ? Hahahahahaha.  Wapi. Uwushaka kumenya vyiza gusa vyanje, ndamuhanuye ntaze agaruke kuraba aha. Je sais que je suis une personne bien, très bien même mais je ne suis pas parfaite. Iyo nkuru y’ukwo nirukanwe siyo yanzinduye ariko. Ngarutse kubabwira les difficultés que j’ai eues avec abamfasha gukora ibikorwa vyo mu nzu.

Jewe ndi umwana muto muhira. Ndi umuhererezi. Nakuze nsaba mama ko yondonderera mutoyi wanje. Ambwira ngo nze ndabisabe Imana. Narasenze, ndasenga, ndongera ndasenga ninginga Imana impe mutonyi wanje. Mbone aka bébé, na évolution yako. Gushika ubu Imana iracabona ko bitabereye. Kandi ngireko ndayibwira ko ubu isengesho ryanje yoritesha agaciro kuko nasohotse. Nashaka aka bébé tubana.

Nakuze mfise inyota yo kubona réellement ce que c’est un bébé. Nivyo twaraja kwibarutsa abantu, bakanterurisha akayoya iminota mike. Sinumva ukuntu umuntu aterura umwana ata bwoba, yumva neza ko ataho aja. Jewe bamumpaye, banyereka ukuntu ndamugumiza ku bibero. Yapfa gukakaza naca nibaza ko ndamufashe nabi, nkaca ndamusubiza atariha akaruru arira, sniiiiiiif !  Bikaba bihereye aho.

Nca nja mu rukundo rw’ibi poupées, mais nyene navyo narabona ko hari ahantu bigarukira. Ntivyarya, ntivyarira, eka nta buryohe bwarimwo. Hari n’ivyo natobora umunwa kugire nze ndabigaburira, ariko….

Nakuze nsaba Imana ize impe utu bébés, kandi izonshoboze nze ndonke umwanya wo kutwirerera.Mbone vyose, ntahure imvo n’imvano y’ibintu n’ibindi. Je voulais comprendre, expérimenter par moi-même.  Kwibungenga, kwibaruka, igise, kurera, vyose nari numva ndabinyotewe. Hama ico nyotewe ndagisaba Imana, nkigenza na neza kugira ingomwe ize inkomorere. Mana warakoze cane ! Warumvirije ugusaba kwanje, uraheza umpa ukwo nagusavye.

Mwibuke ko nasavye umu bébé muhira nkamubura. Mu banje rero sasa, mba numva ntashaka n’uwurunguruka atari se. Ariko sindabivugira hejuru, kuko umwana n’uwa bose, ni n’uw’igihugu. Kandi nivyo. Ariko mba numva ya expérience nashatse hagize uwegera gose yohava agira ico yononye, ntabizi. Surtout bakiri bato, bataramenya kuvuga. Fragilité y’abana muri rusangi,  « irantesa » comme on dit.  Ariko ukwo bakura, bamenya kuvuga ivyabashikiye, bigenda bigabanuka. Gushika rero babaye ibiswi vy’inobera. Aho nanje baba basigaye bantora amakosa, aho tuba dusigaye dufashanya biba biriko biraza. Aho batangura kumpanura, banyibutsa ko nababwiye ibi na biriya.

Nagire ndababwire ko iyo wipfuje ikintu, ukanagisaba Imana, ukumva kweli ko ugishaka cane kandi kitazotuma uhungabanya abandi. Imana ibonye ko ugishoboye irakiguha. Mbese on attire ses désirs les plus vibrants.

Jewe n’abakozi bandabira abana ntitwigeze tubana neza. Kuko narabona neza aho batariko barashika, n’ivyo bariko baronona. Nashaka babe nka nje, kandi tout le temps. Navyo ntivyakunda. Kuko umwana akiri muto umushizemwo utuntu « tugorodovye » akiri muto, biba intango y’uko umwana atimenya akiri uruyoya. Arajuragirika muri kamere kiwe k’ukuri. Nanje expérience narimwo ni iyo nyene : ko umwana muhira ndamureka akaba uwo ari, kugire azogire ahantu na hamwe mu buzima où il sera toujours accueilli comme il est. Bon c’est du n’importe quoi me direz-vous. Ariko c’est mon n’importe quoi d’expérience, sur lequel je travaille.

Umunsi bazombaza le moment de ma vie où j’ai été exigeante, eh ben, nzosubiza nti abana bagifise moins de 4 ans. Est-ce que ça fait de moi une maman poule ? Sinzi. Kuko muri jewe sindi umuvyeyi yibaza ko ajejwe kwiyumvira cane à la place y’umwana. Ahubwo ndashaka kwi rassura ko impano zose Imana yamuremanye zikingiwe, kugire rero amaze gukwiza 4 ans ntangure kumujana à la découverte de lui-même. Bref…

 Ariko kugire nubahuke kubwira umugabo ngo nshaka kuguma mu nzu ndere abana, bikagorana. Ubuzima buragoye abubakanye bakoze bose niho urugo rutera imbere. Haraba utuntu n’utundi, nkaja ku kazi nuzuye agahinda. Ngeze ku kazi nkabona ivyo abantu bamwe na bamwe bagira, bigaca biduza ka gahinda kanje. Numva twokorana ubu sérieux twese, tugateza imbere au moins aho turi. Simbure kurera abana banje, n’iterambere mu kazi.

Hakaba hari umuntu yandushije kwirukana abakozi barera abana, ndamusuhuje. Jewe rero nabirukana ata kintu gifadika ndabahoye, ari juste des subtilités. Narabona ko nabo batavyumva, nkaca ndabatekerera ay’ukwezi kumwe ou abiri des fois kugire baze bashobore kurondera bafise akandi, bafise ukwo bariko barabaho. Nanje nkababara ariko nkibwira ko mfise uburenganzira, kandi ko ataribo ngire ndutishe expérience narimwo. Bref…

Imana aho ndayikundira, iyo ufise ikintu wipfuza, ikintu que chacune de tes cellules yipfuza, irakiguha. Hari ukuntu nari narabonye ko aba apporteurs d’affaires bo mu ma assurances bakora amasaha bashatse kandi bakaronka ama commissions atuma babaho. Nca nza ndabiganiriza uwo twubakanye. Arateba arambwira ngo ihe amezi atandatu urabe, wiyumvire. Ariko kubera kubihirwa, minsi yose namubwira ukuntu mbihiwe mu kazi (karabiha koko kuko umutima waba wasigaye muhira). Nkamuyagira ukuntu nshaka kwikorera. A un moment nawe ati, kabisa kugira nduhuke, urakora ico ubona kibereye. Nikwo guca nsezera, nja mu vyanje. Ubuzima rero buca butangura kworoha ku mutima, ibikorwa bijanye no kurera abana birakomera.

Kwirera abana biragumye, biragumye, biragumye. Ariko nimba hari ikintu kigumye nipfuza gukomerera ni iki ! Kandi ukwo nabamenya, n’iko abakozi bitwa ngo baje kumfasha naca mbona bokinjura ntaranahumura amaso. Uwo twubakanye yashaka hagume umukozi kugire sinduhe. Kugire nsingabarare, umukozi yaraza mais nije nakora vyose. Abakozi banje n’ukuri ntibavunika hahaha. Kugire twumvikane ndakubwira nti kirya ntukore, na kirya ni jewe, abana nturabe , etc etc. Nkaca ndakubwira rero n’ukundi wigenza mu rupfasoni.   

Ma toute récente démission, yanambabaje, nanditse mail le soir kubera ntashe nsanga umwana atameze neza. Nari nabonye ko hari ibitagenda, mais kubera vyari vyabaye ngombwa ko nsubira mu kazi kubera ibibazo nahuye navyo muri RDC, nari nafunze umwuka ndasubira gukora à temps plein. Sinovuga ivyo bakora ndi ku kazi, ariko nakora ndi usée et ruinée mu mutima.

Buke buke, à force yo guhindagura ibihugu, nca ndanatahura igituma Imana yanshizemwo kubaba hafi. Kuko yari yateguye ko se wabo azohindura ibihugu bakiri bato, n’abo bakeneye un point de repère qui les stabilisera.

Hari abobifata nk’uko je nibaza ko nkunda abana banje kurusha abandi, nta na gato. Umuvyeyi wese afise mission Imana yamushize mu mutima par rapport à ses enfants. Amaso jewe Rachel ndabisha isi, siyo ma voisine arabisha isi. Igikuru ni ukw’apporta des réponses zihunye n’ivyo umwe wese ariko arabona.

Igikuru ni ukumenya mission umwe wese yumva yarahawe n’Imana yamutije ibibondo, ukayimenya, ukaraba ukwo uyishira mu ngiro. Kuko harya ingendo y’uwundi iravuna. Kugira nk’abandi bose, si wo muti.

Nivyo nama navuye mu kazi, ariko Imana yampaye d’autres atouts zituma dufashanya mu kuronderera abana. Dont capacité yo gukora utwanje tuba duto canke tunini, ata soni. Jewe nzi ko nanze itomati imbere y’inzu nokuramwo ikintu co kubarera, nobikora avec beaucoup de plaisir. Sindabira diplômes mfise ngo ngire isoni, kuko diplômes zaje kumpa cette chance d’aller travailler iyo atakundi. Ariko hariho ukundi mbona, sinoca mba esclave wazo hari n’ibindi mbona vy’ingirakamaro kurusha.

Ukwo ata soni nterwa no gucuruza canke gukora ubuzi buto buto, bunkundira gukora à temps partiel… Naracuruje ama assurances (hejuru yo kugura umukate w’abana, yatumye ngura ama taxis abiri akora nk’umwaka , « ndayarya » ndikenura ngura n’itongo). Naranacuruje n’amasaha, impuzu, ubuki, etc etc. Na bourse ndajamwo. Je me réinvente pour me donner les moyens de réaliser za ndoto ziri hamwe jewe jenyene nshoboye kubona. Narabaye Kinshasa basha, aho bita Lingwala, en face du Camp Lufungula. Hahahaha. Kuva kera muhira bavuga ko ma bouche ne portait pas caleçon, ibaze rero après Kin. Bref…  Hahahahaha. Abandi bivuga amazina nanje nkivuga ivyo nashitseko accidentellement, narinzi ko ngiye gucupirira mu nzu ndera abana. Au fait nari fière de moi et satisfaite du retour de la confiance nashize mu Mana. Imana idaha abatonda mu biro gusa, bafise des contrats qui leur assurent une certaine sécurité. Imana iha abayisavye bose basha. Ndi muri thérapie, je narabateguje.

Kuko kwicara ngo ndiko ndarera vyonyene, vyohava bivamwo agasuzuguro mu rugo, mais aussi bigasubiza inyuma iterambere ryanje n’iry’urugo.

Buriya naho abo hanze batomenya ico ukora exactement, ariko uwo mwubakanye azi ico umaze, biba bikwiye. Abo hanze bigumira hanze, harya uw’ingenzi ni urya mu conjugua ensemble les verbes de la vie dans tous les temps. Ni ukumwitanga, akabona ico umaze. Basi akabona ko ibikorwa ubicapa ukabimara. Ntiworeka kwinjiza, uce ugira n’abakozi utamugaye. Bon, ça c’est moi, je réfléchi juste à haute voix.

Ejo tugahura rero ndiko ndatumika, uze unshorere, unteze imbere. C’est pour moi, ariko je sais que ça ira au-delà de ma petite famille.

Encore une fois, ndabayagira kugire nshire sur une piste de réfléxion, abantu boba babikeneye. Jewe nama nipfuza ko umuntu wese yimenya nezaaa, akironderamwo indoto afise, agaheza agaharanira kuzigerako. Kuzozitwara muri cercueil ga bashaa, sinzi… Jewe vyose nzobihereza aha. Hahahaha. Niboma, nsubira, gikuru ni ukurwana kugire ngere aho nshaka.

Ndafise n’umuhamagaro wo guhuza abantu, aboba bumva bipfuza umugenzi… Ndabishize aha. Ukaba wumva ushaka umugenzi, uranyandikira kuri « r.murangwa@gmail .com », tuyage. Passez le message.

Ma bouche ne porte pas calçon iyo ndiko ndavuga mon expérience de la vie, nibaza ko ishobora gufasha abandi. Ariko je simena amabanga y'abandi. 

 

Mukomere mwebwe n’abanyu

 

RM

Publicité
Publicité
Commentaires
Publicité