Canalblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
Publicité
Soma-canke-wandike
Archives
Publicité
Derniers commentaires
20 janvier 2024

Urugo rwiza rumera gute ? ( 3)

Twaraciye hirya n’ino mu ma articles aheruka, kugire umwe wese agire sa propre vision du couple et du mariage.  Jewe ndi umuntu adashaka guhomba, naravyemanze.

Uwuri hano ati :  ngishika mu rugo, rapidement numvise umengo ni nko kwinjira mu nzu iva. Nca nja muvyo kugerageza gusakara, kugira ngo amazi ntiyinjire ari menshi, ngo bimviremwo gutwarwa. Numva uwonyereka umuryango wo gusohoka, novayo nirukanga. Si rimwe, si kabiri nashatse gusohoka. Pas ko ntakunda uwo twariko turubakana. Niwe nakunze, kabisa Imana imfashe tuze du conjuguer gushika à 120 ans. Gushika aho ntangura kwibaza ibibazo bikomeye ntari mfitiye n’inyishu. Ibi bintu nabigeyemwo nkomeye neza? Kuki bida passa ? Ndasuzuma, de mon côté nkambona ko nitanga ntiziganya. Ko ataco ntakora.

Niko kwibwira nti, reka mpindure ivyo nibaza nkora vyo, ndabe ko résultat ihinduka ? Nti erega wosanga ari jewe mfise imisumari itobora amabati, hama imvura iri hanze ikabona aho ica kugire inyagire.

Ndanategura stratégie de sortie, au cas où vyari kubandanya kwanka. Kuko il fallait gusohoka ndi wese. Nkomeye, ntarahomba. Hari uwokwumva stratégie de sortie agaca anyarukira mu ma faranga. Abantu basigaye bavuga ngo entre les j*mbes ubu amashirahamwe amwe amwe afise des calculatrices.  Hari abokwibaza ngo nshatse kuvuga ko nariko ndaba uko nosohoka nteruye caisse. La dite caisse des fois iba iri na vide, hari abubaka bafise caisse vide. Muga ngira niyo baba bapfa ? Canke barwanira la clé, hahahaha ! Mundeke ndengane, nze ndavuga ivyo nzi.

Ku bwanje la stratégie est avant tout mentale : kwumva ko urugo rukwankiye, atakundi. Ntibisigura ko ubuzima bugiye kubiha indéfiniment. Nibwira ko vyanse ari  saison izoba iheze, kandi ko nzoba courageuse pour embrasser les autres saisons que la vie me réservera. Usohotse ugifise toute ta tête, umenya aho ugurira iyindi caisse n’ingene uy’approvisionna.

Niteguriye kuzokwama nshiramwo ivyo nshoboye pour que ça marche. Ariko urugo ni babiri. I hope and pray for the best but I also plan for the worst.

N’igihugu camana igisirikare naho kiba kiri mu mahoro. Siko bimeze? Jewe noba niyanka ku buryo noguma nicaye aha ngo ni kubera ndi muri mariage, ntaco nzoba? Bibaye vyiza nzoshimira Imana, nryoherwe. Bibaye bibi,nzorwaza ukwo nshoboye. Bipfuye, ndashaka kuzoba ndi forte kugire nzobivemwo nkikiri mwiza, mfise toute ma tête et mes forces kugire mbandanye mbaho.

Maze kugera aho ndépassa la peur de « rater » mon mariage, naciye ntangura kwifata autrement, nza ndacungera igoli ryanje neza.

Ikindi nakoze mbangikanije n’igikorwa co kwitaho mes besoins (nivyo nise gucunga i goli ryanje), nibajije ico mu vy’ukuri uwundi akeneye nshoboye kumuha kugire nawe agubwe neza. Et j’ai conscience que ça ira en évoluant, de part et d’autre.

Mu yandi majambo, icambohoye ni ugutahura ko ntari muri prison yitwa « mariage ». Ko bashobora kuzoyinsohoramwo canke nkayivamwo kubera imvo n’izindi. Naciye ntangura kwiyitaho, nza ndacunga uko merewe nibwira ko uko ninjiye nkomeye mfise icizere muri kazoza, ariko hamwe hashitse isanganya nobandanya meze : mbabaye certes ariko nzi neza ko bizohera nkasubira kubaho ndaba kazoza ata bwoba. Maze kwiyitaho j’ai appris à écouter mon cœur, mon corps et mon instinct. Ikimbangamiye nkagikorerako.

J’ai aussi appris à gukorera urugo ntiziganya, no kwiga kwumva vy’ukuri ico uwundi anyitezeko. Vyarandemuruye cane, kwumva ko afise des besoins spécifiques et que ntakwiye gufata ivyo nama numva hirya n’ino ngo ngume ndabimuramiza. Kuko biraruhisha pe !

Ubu rero ndi umuntu numva merewe neza, immergée en pleine beauté, oh combien douce et fragile, de ce « deal » qu’est le mariage.

Mu gusozera, ni iyo état d’esprit ngezeko. Ntivyamye ukwo, kuko avant nta vision iri claire numva mfise. Entre ivyanje n’ivy’abandi, sinarinzi exactement sur quel pied danser. Niyo mpamvu nibwira ko mfise urugo rwiza, kuko ndi moi-même, nta bwoba buntekeye.

Ninjiye ndi gouvernée par mon instinct et beaucoup de sentiments et émotions (zarakoze !). Maze kubona ko ndi co - pilote w’ipine ridahagarara, nca mba ndabikishije quelques émotions shahu, nshiramwo logique, nganira n’abandi mbona bafise ico bandushije. Mbona gutora équilibre.  

Jewe ntawe ndiko ndahanura basomyi beza, ndiko nda partagea juste mon vécu.  Kandi l’écriture me décharge de beaucoup d’émotions ziba zinyinyegejemwo #thérapie. Si ça peut aider umuntu n’umwe mu kwiyumvira kuri parcours yiwe, ni bon. Ngira mu myaka iri imbere nzogaruka nsome nce nitwenga, nikomera amashi nti ça c’est moi !?!? Ndakunda défis zanje, kuko zintera kumenya inguvu mfise.

Uwo yari jewe? Oya ntiyari jewe.. None yari wewe? Oya ntiyari wewe. None bari bande ga yemwe? Durudududududu, durudududududu, durudududududu, dudu ……

 

Mukomere, mwebwe n’abanyu.

 

RM

 

 

Publicité
Publicité
Commentaires
Publicité