Canalblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
Publicité
Soma-canke-wandike
Archives
Publicité
Derniers commentaires
17 janvier 2024

Urugo rwiza rumera gute ? (1)

Ndabateguze basomyi beza, ngiye kuvuga ukwo urugo rwiza rumera, ku bwanje. Jewe nubatse rumwe, kandi ubushize nababwiye ko mfise urugo rwiza (ku bwanje, uwundi n’ukuri sindamuvugira).

 

Navuze ko ibibondo vyanje ndabifata nk’amashirahamwe. Nanje nifata nk’ishirahamwe, kuko mfise abakoze kugire nkure. Banshizemwo de l’énergie, des valeurs, de la  nourriture, des médicaments, des prières, baranyigishije, etc etc etc etc.  J’étais un projet bakurikirana uko bukeye n’uko bwije, de près et/ou de loin, gushika à un certain âge. Simvuze ko ariko bamfata, ukwo banshushanije nibo bonyene babizi. Bampamagara mwana, kibondo, Rachel, Rachou nkitaba. A un moment niyita Rachelos , na Rachechou naragaciyeko quand même, hahahha! Na « hewe » , « ntuze » iyo babivuze bandaba nca menya ko ari jewe. Nanje n’ukuri, mu bibondo Imana yaduhaye, ntawe nita “shirahamwe”, donc ntibazi ko iyo bingoye je me cherche des astuces pour trouver la force de continuer. Nsimba nshaka ko zihomba. Ndibwira nti ivyo maze gukora, sinobirwiza n’ubusa mu kudebukirwa. Je dois continuer à investir en eux, en fonction y’ivyo nibaza ko vyobubaka, bagakura bakazobasha kuba autonomes muri vyose, no kugera ku ndoto zabo.

 

Mu vy’ukuri nagiye kwubaka Imbere y’amategeko batubwira ngo Monsieur niwe chef de famille, hama Patiri atubwira ngo tugiye kuba umwe ariko ngo Umugabo niwe mutwe w’umuryango. Ngo Mugabo urakunda Umugore wawe, nawe Mugore urubaha Umugabo wawe. Bon, tout ça était un peu vague, pour ne pas dire ko ntitayeho kwumva neza ivyarivyo (au fond je le savais déjà quoi). Kuko nakuze banyigisha kwubaha no gukunda abantu.

Nari numva ngeze, ndonse umuntu numva umengo ndizeye. Krum ! Nashaka batunyarukirize, dukore ibirori abandi bose bama bakora, hama turonke liberté yo kuja kwibanira. Numva ivyo kuba chef no kuba umwe, ata kibanza vyari bifise i wanje. Gukundana no kwubahana numva ndi sure ko biturimwo twese.

Ariko quand même mw’isengero baratubwiye ko hazogera aho tuzorwanira ishuka, umwe wese yikwegerako. Patiri atubaza ngo ni inde azohebera uwundi ? Yaduhaye uturorero twinshi, aguma avuga ngo ubuzima bwa mariage ni nk’ipine riguma rizunguruka…. Yashatse kuvuga ko ubuzima bugenda buhindagurika, kandi ko les besoins zigenda zitandukana, cane cane ko umwe ashobora kuzokenera ico uwundi adakeneye. Muri ico gihe ni inde azohebera uwundi? Ngo hageze aho umwe ashaka kwugara idirisha uwundi agashaka rigume ryuguruye, ngo mbega rizokugururwa canke rizokwugarwa? Abaje mu misa baguma bariko bara kwekwekwekwekwe, bitwengera ntuze. Nanje sinumve aho blague iri. Kumbe ! Hahaha…

 

Rya pine riri buzunguruke. Muri ukwo kuzunguruka, kugire ntirinkubite hasi naciye nifata nk’ishirahamwe. Hahahahaha. Ubu je ne conjugue qu’en termes d’entreprises. Ngira narababajwe n’ izo nuguruye zitakuze! Ou plutôt à force d’essayer de me lancer narakunze ukuntu ata micezo irimwo. Nta sentiments zijamwo. Hajamwo kw’évalua risque ugira ufate, ico ugamije mu kuyifata. Inyungu uzokura muri iyo prise de risque.  

Mwibaze rero, mu ma entreprises nta micezo ibamwo, duce tuja muvyo gukinisha ubuzima. Mu gukuramwo ibintu bimwe na bimwe nka objectifs, évaluation, perspectives , etc etc.

Ico niyemeje ni ukudasesa hasi efforts abanyibarutse banshizemwo bandera. Kutonona cadeau y’ubuzima nahawe n’Imana iciye ku b’abavyeyi. Les actionnaires de la société que je suis, bari kwinshi. Hari aba actionnaires majoritaires n’abandi bagiye baraterera mu buryo n’ubundi, abo nzi n’abo ntazi.  Sibo babintumye kweli, ni ibintu vyanjemwo ntanguye kubona ko histoire y’ipine ikomeye.

Ngira nahakuwe na rya sengesho nagira mbwira Imana nti quoi qu’il arrive, uzomfashe nubake kandi ngume ndi bien, n’uwo twubakanye agume ameze neza. Je dois à mes actionnaires de rester opérationnelle. C’est le minimum kweli. Naciye ngira nti naho habaye « fusion » de deux entités, kizire kiziririzwe que je dépose le bilan. Kandi nawe sindota ndamuhomvya, loin de moi cette idée.

Je sais ko ntarishura ikibazo, mais nzogaruka dans le prochain article nsigure igituma nibwira ko mfise urugo rwiza.  Mbega urugo rwiza rumera gute ? A bientôt !

 

Mukomere, mwebwe n’abanyu !

 

RM

Publicité
Publicité
Commentaires
Publicité