Canalblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
Publicité
Soma-canke-wandike
Archives
Publicité
Derniers commentaires
18 janvier 2024

Urugo rwiza rumera gute ? (2)

Iki kibazo ukibajije abantu bubakanye, ushobora gutangazwa no kuronka inyishu zibiri zitandukanye, atanico zipfana. Urugo ruba rwiza ku muntu iyo yumva afise ico ariko ararwungukiramwo.

Urukundo ruri mu vy’ubaka. Rwonyene, sinzi aho rwogeza. Iri jambo ryihishijemwo vyinshi ndababwire. Reka ndaryihoze, ntirize rimpitane! Nciye nibuka ka karirimbo twaririmba muri chorale ngo “urukundo rurihangana, urukundo rugira neza….rwemera vyose, rurinda vyose, urukundo ntiruhera”.

 

Iyo ataco uriko urunguka mu rugo urimwo, kandi ukaba ubona neza ko ataco uzopfa wungutsemwo n’ukuri ruba ruriko rurakumira. Ariko umuntu we nyene yogira évaluation en pleine conscience kuko harya umuntu we nyene niwe aba azi icatumye yubaka.  Mvuze kugira ico wungukira mu rugo, mwumve ko ku bwanje, atawoja kwubaka adafise ico agamije. None amashirahamwe abiri yoja hamwe kugire ntiyunguke ikintu na kimwe ? Yo décida kugira partenariat ata nyungu izoboneka de part et d’autre ?

 

Hari ingo ziba nzima kweli, aho abubakanye bari biens équilibrés, bashika bumvikana, urukundo ruguma ari rwarundi, vyose bikama bitonze; bakaguma umengo nta cahindutse naho ubuzima buhinduka. Umwe avyutse yipfuza ikintu, n’uwundi agaca amubwira ngo n’ukuri urantanze; ni ivyo nagire ndakubwire. Kandi uko umbwiye twobikora, nanje niko navyiyumviriye. Iminsi yose bikama ukwo. Numva ngo ingo nk’izo zirabaho, ariko ntazo ndabona.

Kuri jewe vyoba bisa nko kuja kuraba un match de foot, aho les deux équipes adverses bashika barwana mu nda. Bagakina ata compétition, ata tacles zigiyemwo. Equipe A yinjije, bagaca baha équipe B ikinjiza. Neza abarorerezi bokwisinzirirako. Ariko ndaguye ndagarutse, uwoba yipfuza ku ba bercé par ce genre de matchs, kabisa ndazimwipfurije.

Aha musigarane ijambo #tacle.  Ririkwiye. Simvuga menshi, uno munsi ma bouche yikwije. Ni wabona hari igitsindo ushaka kwinjiza kuri side yawe bikanka, uraraba neza hari naho amaguru aboshe. Mbega aboshe gute ? Genda mu buzima bwawe usuzume. Hama ukore ikibereye kugire ntuhombe. Oficiellement  haba hari  i goli rimwe ry’umuryango. Muri fusion, nako partenariat sha, hari igihe biba ngombwa ko  umwe wese acunga i goli ryiwe (en interne) ; et cela autant de fois qu’il le faudra.

 Hari n’abandi rero bubaka. Ngira muramaze kubona canke kwumva  umuntu afise chantier ? Hari igihe umara imyaka n’iyindi uriko urubaka wizeye kuzogira ico ushitseko. Ugakubitika ufise ikintu runaka uriko uraharanira, kandi ubona ko ni wagera kuri ico kintu uzoca wicara, ushire akaguru ku kandi n’agati mu ryinyo, utangure kuroranirwa dans la vie conjugale. Ico kintu kenshi, usanga ari ibintu vyinshi bitandukanye bikoranira hamwe, bituma mwese mwumva muri en sécurité dans le couple.

Kuba wizeye ko hari ikintu uzoshikako, kandi ukabona neza ico uriko urakora kugire uzokigereko, ku bwanje uba uriko urubaka. Ikibazo gikurikira, ni ico kwibaza uti ndiko nubaka merewe gute ? Krum !

Amagara yawe ariko arahasinzikarira ? Amagara yo mu mutwe nayo wumva ameze gute ? Mbega uriko uraba umuntu mwiza kurusha uwo wari mbere ? Ibwize ukuri. Kandi ntugire ubwoba, ibuye riserutse ntiriba rikicishe isuka. Urabona ko mu mwaka umwe, ibiri, itatu, itanu, cumi, cumi n’itanu, eka na mirongo **** Imana ibatije ubuzima bizoba bimeze gute ?

Iyo wumva ubuzima buriko buguca mu myanya y’intoke kubera wubatse, uba uriko urahombera mu rugo. Aha umwe wese aribaza, agakora évaluation, hama agakora igikenewe kugire ntahombe. Du moins, ku badashaka guhomba. Abumva bari tayari guhomba, simfise ico nobabwira kinini. Kuko jewe nsaba Imana ubuzima  buzira ku déposa bilan en conjuguant (none si vie conjuguale ?).

Kwungukira sur tous les plans mu rugo, ntibipfa gushika. Ariko guhomba sur tous les plans navyo bikwiye gutera ibibazo ishirahamwe ririko rirahomba.

Reka tube turaruhutse gato, nzogaruka ejo, duheraheza.

 

Hari uwambajije ngo gahuza bagenzi ikora gute ?

Biciye muri gahuza bagenzi, abantu boyaga, bakamenyana. Mu kuyaga abantu baragabanya irungu, ico ni icambere. Wawundi ati , “bana b’iwacu bana b’iwacu, nta cica nk’irungu (x2) ….”. Ariko gahuza bagenzi ntije kugabanya irungu gusa, ifise intumbero y’ukwo mu kugabanya irungu , abantu bungurana n’ivyiyumviro. Hari ababona bofashanya imigambi y’ubuzima, bakegerana, bagakorera hamwe.

Abipfuza abagenzi, mwonyandikira kuri r.murangwa@gmail.com, tukayaga mw’ibanga. Mwitegure kumbwira aho mugejeje mwiyuba mu buzima, naho muriko muraganisha ubuzima. Nkazobona aberekeza hamwe, bofashanya, nzobahuza maze bayage, barabe ko koko bafise ico bofashanya.

 

Mukomere mwebwe n’abanyu!

 

RM

 

 

Publicité
Publicité
Commentaires
Publicité