Canalblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
Publicité
Soma-canke-wandike
Archives
Publicité
Derniers commentaires
31 mars 2013

Nsigurira ...

Maze kwandika « Re : que pensent les femmes », hari uwankebuye ambwira ko ari jewe, nkuko nama, nkikiri inyuma y’amajambere. Ngo aho agendera abarundikazi batatu kuri batanu, ngo « baripangira ». Ngo kandi bimugwa neza cane, => ntiyanka [kwe kwe]. Naryohewe, iswingi indembeje no kumva ivyansize, nza numva ngo ariko, sinibaza ko notwara umwigeme yanyirehereje.
Warakoze kunyungura ubumenyi. Ubu naho , reka mugenzi, mbandanye ndagusaba unsigurire. Urazi ko ndakwemera cane…

Nakuze nsamarira abo tutabusangiye
Yamara, baranyirandishije ngo ntawuzonyemera !
Kukaba nkako..
Nanje nti : akaga !

Ngaho, reka "nipfire" nabi
Kuko ntaco nkicera.
Ariko, agakobwa kanje sinze mbone
Bakimye bwakeye kubera ubwoko canke intara.
Ngaho, ngaho, umuhungu wanje
Ntituzoze kumusabira ngo
Mudusubize inyuma, dutahe zirayoye
Kubera ubwoko canke intara…
Atabubegito canke imigenzo mibi mwadutoye.

Nsigurira:
Bo ko babupfuye, bungutse iki?
Twebwe bavyaye, twungutse iki?
Oya nsigurira…

Ntuduge muri kahise, ndazi ko ufise ka
Kiritire genelale gakarishe.
Nkundira nyabuna tumandagare muri kazoza.
Nimba witeze kuzoguma muri kahise
Reka ndakubwire ko kakunaniye kuko :
Abigiriye kwa Yezu, ntituzobagarukana.
Ubuzima utabayemwo ukiri muto ntabwo uzogarukana
Ntabwo uzosubiramwo, karabaye !
Tumandagare muri kazoza rero..

Mbe uriko uribona mu minsi iza
Wigisha amacakubiri umwana wawe
Abandi bariko babigisha uko iphone10 ikozwe
Bariko babayagira ubuzima bwa Steve Jobs ?

Turacari mu ntambara canke isa nkiyaheze?
Kuki bamwe biboha mu mitwe
Ukamengo kwinuba abandi nivyo bizobatungisha ?
Erega politique siyo izotugwiriza itunga..canke ? Nsigurira !
Abandi nabo bicura ko boba bankwa atawabibabwiye.
Kuki twibwira ibintu ? Ka communication ntako tuzi ?
Canke twakitiranije na za « like » zo kuri fesibuke ?

Birashoboka ko ndiko nkubita ku ruhande (taper à côté)
Ariko basha, ehe, reka twiyumvirire hamwe.
Kuki tutinubana dufatiye ku bwenge ariho amakungu adutegera?
Ababufise barazi y’uko ataco bimaze
Kuko twese nti twahawe ubungana.
Ahubwo bafise umutwaro wo kubwungura abahawe buke

Ni munsigurire ukuntu, uku kwinubana
Dufatiye ku moko canke ku ntara kuzotuma:
Igihigu cacu gikwega ingezi
Duteka imitwe kugira twubake za chomêeeh de fele
Twubaka ingomere (piscines) mu ma karitiye no mu mitumba myinshi
Twubaka ubunwero bw’icayi bwa kijambere mu ma karitiye no mu mitumba
Dukora ama tisi meza meza (ayoroshe n’aya gumye), ba stylistes bo narabonye ko bagwiriye (ndabishima),kugira tuzoze turagira ka chopingi bitatugoye, turuhuke za balo?

Turonke ibitaro vy’inrya munyu, abagwayi bacu bareke kwangara.

Murantunga, ndivugira,
Ariko uwufise iyindi migambi twoyiga..

Mushaka mbandanye?
Canke mwatahuye ko mu minsi iri imbere
Tutaravye neza, tugiye kubaho ukuntu.

Barundi, bamwe bakuze ahatagira amatara
Nta mwikomo ndabatako, niho bagejeje kandi barakoze!!
Batambuka ibirometero vyinshi kugira baje kw’ishule.
None twebwe natwe ntitwo créa?

Mu kwakira akaganuke, ubanza gushira hasi ivyo wari ufashe mu ntoke.
Kugira dufate inzira y’iterambere, hari vyinshi tuzotegerezwa kurekura.

Ndakunda ukuntu abakizwa "bakora":
1.urashaka kwakira Yesu mu bugingo bwawe?
2. Wemeye, pfukama hasi tugusengere, uze urasubiramwo..
*Murantunga nimba nabivuze ukutariko*

Nanje mvuze nti:
1.Turashaka ko Uburundi bwose (apana Bujumbura yonyene) iba ka Suissi ka Afulika?
2.Tuvavanure n’ukutamenya!! Ntitwemere abaduhenda.. Ubujuju tubugire indahiro.

Ehe sha, ndaguhaye ijambo, ingo tuyage!
Ubwo bu juju… ni ubuhe?

RM - Mars 2013

Note: A vous mes racletteur(e)s! ..

Publicité
Publicité
Commentaires
R
Rr, sinkanke umugani! Nsigurira ico bungutse.. Nsigurira ico tuzohava twunguka niyo twakurikiza iragi ryabo.. Kahise nanse ni karya benshi bitwaza mu gusigura igituma bamwe basa nk'abafise uburengazira bwo kwigenza nabi. Mama ngo nikubera bigeze gufatwa nabi. Abandi ngo imbere y uko bafatwa nabi bari bafashe nabi abandi...! Niho nca nifuza ko twomenya ivyabaye niko, ariko tukigirira ka confiance : twarabonye ibintu ataco bimaze, ni tumandagare rero tuze turavuga ibintu bizodushikana heza. Sinzi ko untahura..
R
erega wamaze kuvyica, murondo, kuko wirukanye abohakuye mubitabo n'ubwira b'ubwonko ngo bagusigurire ! ehe wanditse uti "Ntuduge muri kahise, ndazi ko ufise ka {Kiritire genelale} gakarishe ..."

kuko ubundi, kazoza gategugwa na kubu, kubu nako gasigugwa ahanini na kahise !

urumva wihutiye kuja muri kazoza utazi kahise, ni kwanka umugani.
R
Urakoze Thierry!
T
Guma guma, c'est tout ce que je peux dire! Ni vyiza cane: impanuro, amajambo yakoreshejwe, ubuhinguzi (l'art) mu nyandiko. Bandaniriza aho.
R
Soso, tuvyumva kumwe!

Yamara mbona duhava dutaha zirayoye, kuko ntanumwe

arahaca ngo adusigurire. lol! Kumbure dufise ibibazo bimwe twese...!
Publicité