4 septembre 2013
Umugenzi ntaho mfatwa
Uyo mugenzi namufashe nka musaza wanje
Ndamutegurira utwokurya aratuntera
Nshaka kumwunguruza ansaba kumanukira mu nzira
Ndamuvugisha mu kirimi canje aca anyagiriza ngo ndamututse.
Uyo mugenzi ntiyahiye mu kwaha gusa
Ndakeka ko ata mukwaha agira
Kuko yaranyobeye.
Ndabicuritse ndamwumva,
Ndabicuruye sintahura na mba !
Ehe muntu …
Ego wewe nyene wagendana agakoni utari umwungere.
Urashira ivyo biri mu mutwe wawe ku ruhande
Utahure ko ntariko ndakwerurira
Utahure ko ngenzwa n’ubuvukanyi gusa.
Uheze ureke kuza urantega imyereka iyo ak’ubuvukanyi kanvyutse.
Aha mvugishwa n’umugambi nshaka ko umfasha …
Umugambi w’amahoro …
Amahoro!
RM
Publicité
Publicité
Commentaires
U